November 23, 2020
Politiki

Congo: Abantu bagera kuri 30 biciwe mu gitero mu burasirazuba bw’igihugu

 

Abantu bashika 30 biciwe mu gitero mu burasirazuba bwa Republika ya Demokrasi ya Congo, igitero cegetswe ku barwanyi ba ki Islamu.

Abajejwe intwaro mu ntara a Kivu ya ruguru bavuze ko abo bishwe babasanze aho biciwe ikivunga.

Bavuze ko amakuru yamenyekanye mu ntango yerekana ko abagavye ico gitero ari abarwanyi b’umugwi ADF.

Mu kindi gitero cabereye ahandi, abantu batandatu biciwe mu kigwati ca Kokola.

Ivyo bitero uko ari bibiri vyabereye mu karere ka Beni, aho igisirikare ca Congo kimaze igihe kirwanya umugwi ADF.

DR Congo: Ingabo za FARDC zatangaje “ibitero bikomeye” ku mutwe wa ADF
DR Congo: Ingabo za leta zivuga ko zafashe ibirindiro bikuru by’inyeshyamba za ADF
DR Congo: Intara za Kivu, ahantu hari imitwe y’inyeshyamba myinshi ku isi, kubera iki?
Abantu ibihumbi mu karere ka Beni baramaze gusiga ubuzima mu bitero vy’uwo muhari nk’uko bivugwa n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu.

Utwigoro twa leta ya Kongo hamwe n’umugwi wa ONU uhagarariye amahoro muri Congo, MONUSCO, dusa nk’uko ata na kimwe dushikako.

ADF ni umugwi ushingiye kw’idini rya Islamu ugizwe n’abarwanyi bamuka muri Uganda, ukaba umaze imyaka myinshi uvugwa mu buseruko bwa Kongo.

Umugwi ADF nta na rimwe urasohora itangazo canke ngo ugire ahantu na hamwe uvugira ko hari ibitero woba ugaba. inkuru dukesha BCC

Related posts

Ibyiciro by’ubudehe byavuye kuri bine biba bitanu binahindurirwa amazina

Chief Editor

Perezida Kagame yashyize abayobozi bashya mu myanya barimo Dr Ngabitsinze wari umuyobozi wa PAC

Chief Editor

Perezida João Lourenço wa Angola yageze mu Rwanda [REBA AMAFOTO]

Chief Editor

Leave a Comment