Umukuru w’umugambwe ECIDE Martin Fayulu yatanguje isekeza ryo gutoza intererano y’i dolari rimwe ku muntu, mubayoboke biwe yo kumushigikira mu kwiyamamaza.
Martin Fayulu afise inomero 21 mu biyamamaza mukibanza co kuzoyobora Repubulika ya Demokarasi ya Congo mumisi iri imbere.
Martin Fayulu yagize ati :
« Bagenzi namwe munshigikiye, uyu musi ndabituye ndabizeye kandi nishimiye kuba umu candida mumatora y’umukuru w’igihugu wa Congo. Muntumbero yo gushika kuntumbero dusangiye yo kubaka Congo yidegemvya,ikomeye, y’iteka kandi iteye imbere,ndakeneye ubufasha bwanyu muburyo bw’amafaranga. Intererano yanyu uko yoba ingana kose, idutera intege mugutuma ijwi ryanyu ryumvikana no mukubaka kazoza keza kuri mwese. Ni mwifatanye nacu muri urwo rugendo muguterera muri kazoza ka Congo. Turizeye ubugwaneza bwanyu ».
Uko niko Fayulu yanditse ku rubuga mafapresident2023.com, rwategekanirijwe ico gikorwa co kwegeranya ayao mafaranga.
« Iki n’ico gihe ». Iryo n’iryo jambo ry’umutwe ry’itangazo rihamagarira abantu muri iryo sekeza ryo kwegeranya amafaranga y’umu candidat Martin Fayulu agira uwa 21 mumatora y’umukuru w’igihugu yimirije muri Congo.